top of page

AKARANGAMUTIMA K'ABAGENZI B4ABANA

Spès NIHANGAZA yarongeye arerekana imico myiza iranga Abagenzi b’abana

ree

1. Kuba intungane : kwirinda uburyarya, imvugo ikana n’ingiro, kandi ata gukamisha ibikorwa vy’urukundo


2. Ugushira ineza y’umwana imbere ya vyose : inyungu y’umwana iza imbere y’iyiwacu n’iyabakunzi bacu. Arabahimiriza kudahora iyo babona umwana ariko arahohoterwa.


3. Ukudacagura : gufasha umwana uwariwe wese afise ingorana udacaguye ufatiye ku bwoko, intara canke ikindi.


4. Ugufatana mu nda : ubugirigiri bugira babiri. Turi hamwe tuzoshika kure


5. Umutima w’impuhwe : kwumva ko ingorane z’umwana zituraje ishinga, ntituruhuka tutazitoreye inyishu


6. Ukudashira amashirahamwe mu vya politique :

Kudashira imbere ivyiyumviro vya politike nubwo twoba dufise imigambwe twegamiye. Tugeze mw’ishirahamwe ivyo turabirengera tugahuzwa n’ukurondera ineza y’abana gusa


7. Ukudakumira abo tudasangiye amadini : naho tudasangiye amadini, turemeza ko dusangiye umutima wo gufasha umwana w’impfuvyi na ntahonikora


8. Kurwanya kuzera inze : gushira uburyo hamwe kugira ngo igikorwa cacu kirambe ? Nakare barayamaze bati : « akimuhana kaza imvura ihise.»

 
 
 

Comments


Tel: +257 22 21 46 21

Cell: +257 76 73 81 75
Fax: +257 22 21 75 45

Rohero I, Avenue Rutana

N°2 Bujumbura—Burundi

© 2014 by FVS-AMADE Burundi.

bottom of page