AKARANGAMUTIMA K'ABAGENZI B4ABANA
- FVS-Amie des enfants
- Aug 4
- 1 min read
Spès NIHANGAZA yarongeye arerekana imico myiza iranga Abagenzi b’abana

1. Kuba intungane : kwirinda uburyarya, imvugo ikana n’ingiro, kandi ata gukamisha ibikorwa vy’urukundo
2. Ugushira ineza y’umwana imbere ya vyose : inyungu y’umwana iza imbere y’iyiwacu n’iyabakunzi bacu. Arabahimiriza kudahora iyo babona umwana ariko arahohoterwa.
3. Ukudacagura : gufasha umwana uwariwe wese afise ingorana udacaguye ufatiye ku bwoko, intara canke ikindi.
4. Ugufatana mu nda : ubugirigiri bugira babiri. Turi hamwe tuzoshika kure
5. Umutima w’impuhwe : kwumva ko ingorane z’umwana zituraje ishinga, ntituruhuka tutazitoreye inyishu
6. Ukudashira amashirahamwe mu vya politique :
Kudashira imbere ivyiyumviro vya politike nubwo twoba dufise imigambwe twegamiye. Tugeze mw’ishirahamwe ivyo turabirengera tugahuzwa n’ukurondera ineza y’abana gusa
7. Ukudakumira abo tudasangiye amadini : naho tudasangiye amadini, turemeza ko dusangiye umutima wo gufasha umwana w’impfuvyi na ntahonikora
8. Kurwanya kuzera inze : gushira uburyo hamwe kugira ngo igikorwa cacu kirambe ? Nakare barayamaze bati : « akimuhana kaza imvura ihise.»




Comments