top of page

Gushigikirana no gufatana mu nda, Makamba-Mabanda

Amashirahamwe ya Nawe n’uze afasha umukenyezi kwiteza imbere biciye mu kuzigana no kuguranana, akongera agafasha abana b’ibimpfuvyi naba ntahonikora, afashwe mu mugongo n’ishirahamwe FVS-Abagenzi b’abana, arabandanya gukorera ibikorwa vyiza vyo gushigikirana no gufatana mu nda, mu kibano aho baherereye, mu ntumbero yo kugendera no no gushira mu ngiro akarangamutima k’ishirahamwe FVS-Abagenzi b’abana ko gufasha impfuvyi na ba ntahonikora.

Kw’igenekerezo rya 27 Ntwarante 2025, abanywanyi b’ishirahamwe « tubungabunge impfuvyi na ntahonikora » ryo ku mutumba wa kibimba, agacimbiri Ncanyi, muri zone na komine Mabanda, mu ntara ya Makamba, bari baramutse baja gushigikira umukenyezi ntahonikora wo kuruyo mutumba, yitwa Emelyne NDAYIZIGIYE, umuvyeyi w’abana 4 akaba agendana ubumuga, akaba ari n’umunywanyi w’iryo shirahamwe.

Abo banywanyi b’iryo shirahamwe bakaba bariko baramusanurira inzu abamwo yari yarabomotse uruhande rumwe.

Kurikirane ino reresi irabishikiriza mu buryo buramvuye: https://www.facebook.com/share/v/1Fn2hZ96uE/

 
 
 

Comments


Tel: +257 22 21 46 21

Cell: +257 76 73 81 75
Fax: +257 22 21 75 45

Rohero I, Avenue Rutana

N°2 Bujumbura—Burundi

© 2014 by FVS-AMADE Burundi.

bottom of page