Gushigikirana no gufatana mu nda, Makamba-Mabanda
- FVS-Amie des enfants
- Apr 3
- 1 min read
Amashirahamwe ya Nawe n’uze afasha umukenyezi kwiteza imbere biciye mu kuzigana no kuguranana, akongera agafasha abana b’ibimpfuvyi naba ntahonikora, afashwe mu mugongo n’ishirahamwe FVS-Abagenzi b’abana, arabandanya gukorera ibikorwa vyiza vyo gushigikirana no gufatana mu nda, mu kibano aho baherereye, mu ntumbero yo kugendera no no gushira mu ngiro akarangamutima k’ishirahamwe FVS-Abagenzi b’abana ko gufasha impfuvyi na ba ntahonikora.

Kw’igenekerezo rya 27 Ntwarante 2025, abanywanyi b’ishirahamwe « tubungabunge impfuvyi na ntahonikora » ryo ku mutumba wa kibimba, agacimbiri Ncanyi, muri zone na komine Mabanda, mu ntara ya Makamba, bari baramutse baja gushigikira umukenyezi ntahonikora wo kuruyo mutumba, yitwa Emelyne NDAYIZIGIYE, umuvyeyi w’abana 4 akaba agendana ubumuga, akaba ari n’umunywanyi w’iryo shirahamwe.

Abo banywanyi b’iryo shirahamwe bakaba bariko baramusanurira inzu abamwo yari yarabomotse uruhande rumwe.

Kurikirane ino reresi irabishikiriza mu buryo buramvuye: https://www.facebook.com/share/v/1Fn2hZ96uE/
Comments