top of page

IHURIRO RY’INANI Z’AMASHIRAHAMWE AFASHA ABANA B’IMPFUVYI NA BA NTAHONIKORA AKARONA N’ISHIRAHAMWE FVS-ABAGENZI B’ABANA, 28-31 Mukakaro 2025

Spès NIHANGAZA, Aserukira imbere y’amategeko Ishirahamwe FVS-Abagenzi b’abana, ari nawe yuguruye ibikorwa vy’iryo huriro, yagarutse ku karangamutima k’ishiramwe FVS-Abagenzi b’abana.

ree

⚡ Yamenyesheje ko ari kurondera ineza y’abana ku buryo abana b’impfuvyi na ba ntahonikora, baronka ibibafasha vya nkenerwa nk’abandi bana, kandi tukarwanya ubusumbasumbane bufatiye ku gitsina.



✨Yagarutse ku kugene ishirahamwe ryavutse n’ingene ryagiye riratera imbere n’intambwe rigezeko gushika ubu. Ari kumwe na Caritas HABONIMANA, bashinze intahe ku mvo nyamukuru yatumye bashinga ishiramwe FVS-Abagenzi b’abana.

Yamenyesheje ko kino gikorwa catanguriye mu bitaro Prince Régent i bujumbura, mu myaka 1990 aho bakorera ibikorwa vy’urukundo mu gufasha abarwayi b’umugera wa SIDA bari ku musego, bamerewe nabi mu kubagemurira no kubafasha mutwo bakenekeye.

ree

🌪️Umwe mu barwayi yari umuvyeyi afise akana gato, acarongorera Caritas H., yari umuganga ico gihe muri ivyo bitaro, ati : « urabona ko ndi ku rugendo, karya kana urakandererera ».

N’uko uwo mukenyezi, yahavuye yitaba Imana bidatevye. Ako kana gasigara konyene muri ivyo bitaro.


🪐Caritas agarutse ku kazi, acasanga wa muvyeyi yitavye Imana acaratora wa mwana aja kumurera. N’iyo ntango yo gutangura uwo mugambi wo gufasha abana b’impfuvyi naba ntahonikora kuko impfuvyi zisirwa n’abavyeyi bahitanywe n’ikiza ruhonganyanda SIDA bari benshi cane muri ico gihe.



⭐Bagiye baratera imbere kubera umutima w’urukundo n’ubwizigirwa no kuguma ku ntumbero yo kuba abagenzi b’abana. Ni muri iyo ntumbero abagira neza bagiye barabashigikira muri ivyo bikorwa vyo gufasha abana b’impfuvyi na ba ntahonikora kugeza n’ubu.

ree

🎤Spès NIHANGAZA yabandanije yerekana aho ishirahamwe ryifuza gushika. Yamenyeshejo ari « kuba mu gihugu c’abantu bafatanye mu nda ku buryo umwana wese agize ingorane, aca aronka ishirahamwe rimufasha mu kibano, ntihagire umwana n’umwe aba aciyumvamwo ubupfuvyi canke ngo yitwe ntahonikora. »


📍Ati na jewe nahavuye niga kwivuga amazina : « Ndi Maboko y’ ingirakamaro,musigwa musangwa wa Rusengo, yasigaranye impfuvyi ngo ntizirware akabonge ».


📌Yahanuye abitavye iryo hwaniro ko bokomeza uwo mutima w’ugufatana mu nda mu kuba abagenzi b’abana. Mu kibano aho baherereye ntihagire umwana w ‘impfuvyi canke ntahonikora abura uwumufasha. Umwana wese aronke umuvyeyi yitura, w’umunywanyi w’ishirahamwe rya nawe n’uze.

ree

# Gukinga no guharanira agateka k'abana#

 
 
 

Comments


Tel: +257 22 21 46 21

Cell: +257 76 73 81 75
Fax: +257 22 21 75 45

Rohero I, Avenue Rutana

N°2 Bujumbura—Burundi

© 2014 by FVS-AMADE Burundi.

bottom of page